Burundi: Itohoza ku birego vy'ubwicanyi ndengerabutungane

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika yagenye umurwi w'abantu batatu bagiye kugira amatohoza ku bivugwa ko hoba habaye ubwicanyi ndengerabutungane inyuma y'ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho ku makambi atatu ya gisirikare.

Ibitero byabaye ku wa Gatanu uheze itariki 11 z'ukwezi kwa 12.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Mw'itangazo yasohoye ku mugoraba wo kuri uyu wa Gatanu, Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Republika, amenyesha ko uwo mugwi w'abashikirizamanza batatu, urongowe na Bucumi Jean Bosco icariho (icyegera) c'umushikirizamanza wa Repubulika, ufise inshingano yo kugira amatohoza, ugategerezwa kwerekana ingene ubwo bwicanyi bwagenze, ababuri inyuma.

Kandi hakamenyekana uruhara bw'umwe umwe wese.

Valentin Bagorikunda amenyesha kandi ko uwo mugwi utegerezwa kuba watanza icegeranyo mu kiringo kitarenze ukwezi k'umwe ku va kuri uyu wa gatanu.

Abantu bashika kuri 90 ni bo basize ubuzima mu mirwano zakurikiye ivyo bitero ku ma kambi atatu ya gisirikare ari mu gisagara ca Bujumbura n’i Mujejuru muri komine Mukike intara ya Bujumbura Rural.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Abatari bake harimwo ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, human Rights Watch (HRW), bagirije inzego z'umutekano z' u Burundi ko muri izo ntambara zoba zakoresheje ubwicanyi bunyuranye n'amategeko no gukoresha inguvu z'umurengera.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Ibindi kuri iyi nkuru