Compaore ararondezwa n'ubutungane

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Compaore yakuwe ku butegetsi no kwiyamirizwa n'abanyagihugu umwaka uheze, ubu ari mu buhungiro muri Cote d'Ivoire.

Yagirizwa uruhara mu rupfu rwa Thomas Sankara, mu 1987.

Leta y'infatakibanza ya Burkina Faso yategetse ko hasubira kuba itohoza ku rupfu rwa president Thomas Sankara, yishwe mu gihe c'itembagazwa ry'ubutegetsi bwiwe.

Umubiri w'uwo bakeka ko yoba ari Thomas Sankara wazuwe mu kwezi kwa gatanu.

Ariko umuryango wa Thomas Sankara uramaze kuvuga ko wabariwe n'abahinga bawukozeko itahoza ko bazibaza ko woba ari uwiwe.