Abayisilamu bakijije Abakirisu muri Kenya

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abateye bisi yaja El Wak bakekwa kuba muri al-shabab

Abantu babiri nibo bishwe igihe umurwi bikekwa ko ari uw'abarwanyi al-shabab bateze bisi yari igeze hafi y'ikirwati (umudugudu) ca El Wak, hafi y'urubibe na Somalia, mu buraruko bushira ubuseruko.

Iyo bisi yariko iva mu murwa mukuru Nairobi yerekeza mu gisagara ca Mandera.

Kugez'ubu nta murwi n'umwe uremeza ko wagavye ico gitero.

Igihe al-shabab yica abantu 148 mu gitero yagavye kuri kaminuza ya Garissa mu kwezi kwa kane, abateye babwira abantu kuva iruhande y'abakirisu, bakaca babica, aba isilamu nabo bakarekurwa.