Espagne mu bihe vya politike bitoroshe inyuma y'amatora

spain election Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abayoboke b'umugambwe PP bariko barigina intsinzi

Igihugu ca Espagne kiri mu bihe vya politike bitoroshe inyuma y’aho imigambwe ibiri itsindiye ivyababa ibice vya gatatu vy’ibibanza vy’abashingamateka mu matora y’ico gihugu.

Umugambwe urwanya ugutubika umukanda kubera ingorane z’ubutunzi, Podemos na Liberal Ciudadanos, yaronse amajwi menshi, mu gihe umugambwe w’abaconservateur(PP), utagifise abawuserukira benshi bashobora gufata ingingo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Pablo Iglesias arongoye umugambwe Podemos

“Igihugu ca Espagne ntikizosubira kuba kimwe mwari muzi, kandi turanezerewe cane,” ivyo vyavuzwe na Pablo Iglesias, arongoye umugambwe Podemos

Umugambwe PP n’aba socialiste bagiye barikurikiranya ku butegetsi mu myaka irenga 30.

Uwo mugambwe ubu utegerezwa kugira ibiganiro kugira bagire urunani.

PP waronse amajwi 28.7%, abasocialiste baronka 22%, Podemos 20.6% hanyuma Ciudadanos 13.9%