Afghanistan: Ibiro vy'igipolisi vya Sangin vyugarijwe n'abataliban

afghanistan soldiers Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba Afghanistan i Helmand

Ibiro bikuru vy’igipolisi mu gisagara ca Sangin muri Afghanistan kiracarimwo imigwano inyuma y’ibitero vy’aba Taliban nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Ariko hari inkuru z’ibihushane kuvyerekeye uwoba ubu agenzura ako karere kari kure cane mu ntara ya Helmand.

Umukuru w’intara ya Helmand n’igipolisi bavuze ko inkuru zavuga ko abatalibani ari bo bagenzura iyo ntara, ari ikinyoma cambaye ubusa.

Sangin imaze kuja mu minwe y’abataliban incuro nyinshi, intambara ikaba imaze guhitana abantu benshi haba mu basirikare ba Afghanistan canke mu mva makungu.

Mu buseruko, ibitero vy’abatalibani mu micungararo ya Bagram kuri uyu wa mbere yahitanye abasirikare 6 b’abanyamerika. Ni co gitero ca mbere gikomeye bagize ku basirikare mva makungu muri uyu mwaka.

Ibisasu bitatu vya roquette vyararashwe mu gisagara ca Kaboul mw’ijoro ryo ku wa mbere.

Abasirikare bashika 12,000 mva makungu bari muri ico gihugu mu mugambi wo gushigikira urunani rw’ibihugu birongowe na OTAN, mu ntumbero yo gufasha abajejwe umutekano b’igihugu ca Afghanistan.