Abantu umulioni ni bo binjiye i Buraya muri 2015

immigration europe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amamodoka atwaye abimukira mu buseruko bwa Buraya

Igitigiri c’abimukira baja I Buraya baciye ku butaka no mw’ibahari uyu mwaka carenze umuliyoni, nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rishinzwe abimukira, IOM.

Ico gitigiri caduze incuro zine uravye ico mu mwaka uheze.

Benshi muri bo baciye mw’ibahari, abarenga 800, 000 baje bava muri Turkia ba mu Bugereki. Muri bo benshi n’impunzi zo muri Syria, Iraq na Afghanistan.

IOM ivuga ko abimukira 3,695 ni bo bwizwi ko batwawe muri uyu mwaka canke n’ubu bataramenyekana irengero ryabo.