Kagame: Abategetsi ba Afrika ni babe intangarugero

paul Kagame Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Pau Kagame

Prezida Kagame asaba abategetsi bo muri afrika atawuvuyemwo, kurushirizaho gutwara neza, atari mu Burundi gusa.

Ku rubuga rw’ibiro vy’ukuru w’igihugu rwa twitter, prezida Paul Kagame yavuze ku bijanye n’uburongozi muri Afrika.

“Abategetsi ba Afrika barakeneye kuba intangarugero, kuri twese, hari igikenewe gukorwa, Atari mu Burundi gusa, ahubwo ku mugabane wose wa Afrika,” ni ko Prezida Paul Kagame yanditse.

Mu ndwi iheze, abantu 98% baremeje ibwirizwa shingiro riha uburenganzira prezida Paul Kagame, gusubira kwitoza.

Hari abiyamirije iyo ngingo, ariko we nta gaciro yahaye ivyo bavuga.

“Batubwira ko abanyagihugu ari inking ya demokrasi, ariko iyo bagize ico bambwira, n’imbere y’uko ngira ico ndabivuzeko, baba batanguye kunyagiriza,”uko ni ko prezida Kagame yabandanije yandika.

Amatora mu gihugu c’Urwanda ategekanijwe mu 2017, bikaba bitaramenyekana ko Prezida kagame azongera kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu, n’aho ibwirizwa shingiro rishasha riherutse kwemezwa ribimwemerera.