Abarwanyi benshi b'abataliban bishwe i Sangin

afghanistan soldiers Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abasirikare ba Afghanistani bariko baragwanira gusubirana igisagara ca Sangin

Umukuru w’aba talibani n’abarwanyi biwe 50, bishwe mu ntambara zabaye mw’ijoro mu gisagara ca Sangin mu ntara ya Helmand, nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Afghanistan.

Ingabo za Afghanistan zariko ziragerageza gusubira kwigarurira ako karere kari kafashwe n’aba talibani, mu gihe igisirikare ca Amerika cariko kiragira ibitero vyo mu kirere.

Uwo mushikiranganji yavuze ko uwo mukuru w’abarwanyi yapfuye yitwa Mullah Nasir, umwishikira w’umukuru w’abataliban, Mullah Akhtar Monsour.

Ako karere ari kirumara cane , ari na ryo huriro ry’umwimbu wa Opium, kwigarurira Sangin, kari akunguko gakommeye.

Intambara mu micungararo y’ico gisagara yariyongereye cane mu ndwi iheze, ku wa gatatu ni ho abo barwanyi bamenyesha ko bigaruriye Sangin, birukanye ingabo za reta mu makambi.

Ivyo vyariyamirijwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi, yavuze ko intambara zikibandanya kandi barungitse n’abandi basirikare.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko igisirikare ca Afghanistan n’abapolisi karuhariwe, bagize ibitero kuri uyu wa gatatu mw’ijoro, vyahitanye umukuru w’abarwanyi b’aba talibani n’abo yari arongoye.