Beijing: Hashobora kuba ibitero ku banyamahanga bamuka i Buraya

china beijing Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi bacunze umutekano imbere y'amazu adandarizwamwo i Sanlitun

Igipolisi co mu Bushinwa bagabishije ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba bitumbereye abantu bamuka mu bihugu vya Buraya, mu bice bigenderwa n’abantu benshi mu gisagara ca Beijing.

Ibiro biserukira Amerika n’Ubwongereza vyagabishije abantu bavyo.

Abapolisi bitwaje ibirwanisho bikomakomeye barungitswe ku mazu adandarizwamwo mu ntara ya Sanlitun, aho mu mezi ane aheze, umusore umwe afise imbugita yishe umupfasoni w’umushinwa, akanakomeretsa mugenzi wo mu Bufaransa.

Reta y’Ubufaransa na Australia, na bo nyene bagabishije abanyagihugu babo bari mu Bushinwa.

Abanyagihugu b’I Sanlitum babonye abapolisi benshi bahagaze hanze y’amazu adandarizwamwo muri ako gace.

Sanlitun iri mu ntara ya Chaoyang, hari igitigiri kinini c’ubunywero n’amaduka bikunzwe cane n’abantu bava mu bindi bihugu.