Noel itekanye mu Burundi

christmas Burundi
Image caption Mu nkuka y'imisa yo muri paroisse Mont Sion, basengeye ibendera ry'Uburundi

Muri Cathedral Regina mundi, Musenyiri Evariste Ngoyagoye, yasavye abakristu gusengera abo buca baja mu biganiro, kugira amahoro agaruke mu Burundi.

Nta havugwa ko hahungabanye umutekano n’aho ku mugoroba wo kuri uyu wa kane ata bantu benshi baboneka mu mabarabara kubera ubwoba.

Kandi m na misa z’ijoro rya Noel zarangiye hakiri kare.

Mu ma quartiers yo mu buraruko nka Mutakura na Cibitoke, ari muri amwe yari amaze misi arangwamwo umutekano muke, kari agahengwe, ariko abantu bagumana umutima uhagaze.

"Aha umwanya n’umwanya barashobora kwugara ibarabara ngo baje kurondera umuntu" ivyo vyavuzwe n'umusore twasanze kw'ibarabara riri hagati ya Cibitoke na Mutakura.

Image caption Abakristu bari mu misa kuri Mt Sion

"Ko twagize imana ntibazinduke batwugarije twagiye mu misa"

Uruja n'uruza rwari ruto, ingo zitari nke ziragara kuko benezo bahunze canke hagasigara abantu bakuze gusa.

Umugabo wo ku Mutakura ati"aha mu rupangu haba ingo zitanu z'abantu barenga 20" none raba usanze nsigaranye n'umugore wanje gusa. Kw"ibarabara rya Mutakura Cibitoke. ama butike menshi arugaye, ubunywero buragaragara.

Image caption Nta bantu benshi baza mu bubare

Umusore acuruza ku kirabo ku rya 15 mu Civitoke ati " ku munsi mukuru nk'uyu wa Noel sasita abantu baba batanguye kunywa none raba nta n'umwe ahari".

Uwundi hafi y'ubwo bunywero ari ko "Noel idusanze turi bazima turashimira imana"

Ama quartiers y'uburaruko bw'igisagara ca Bujumbura agize amezi atari make ari mu ngorane z’umutekano, ibigwanisho vyumvikana hafi buri munsi. Ahandi mu bindi bice vy’igihugu, Noel yahimbajwe nkuko vyama.

Abantu barenga amajana ane baramaze kwitaba Imana abandi barenga ibihumbi 200 barata izabo.