Syria: umukuru Jaysh al-Islam yishwe

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umukuru wa Jaysh al_islam yaguye mu gitero ku cicaro c' umurwi wiwe mu muji wa Damasi

Abaharanira uburenganzira bwabo muri Syria bemeza ko Zahran Aloush, umukuru w' umutwe wa Jaysh al-Islam, yagye mu gitero cagabwe ku cicaro gikuru c'uwo murwi mu muji wa Damasi.

Ico gitero bivurwa ko cagabwe n'indege z'Uburusiya.

Amakuru aturukayo avuga ko hob ahri n'abandi bakuru muri uwo murwi baguye muri ico gitero.

Umunyamakuru wa BBC ari mu gace k'uburasirazuba bwo hagati avuga ko urwo rupfu rwa Aloush rushobora kuboneka nk' ubutumwa bukomeye ku kibazo co kumenya uwo Uburusiya na leta ya Syria nyene, bashobora gufata nk'uwukwiye kuja mu biganiro mu bihe biri imbere.