Umu Astonaute yahamagaye numero itari yo ari mu kirere

Tim Peake Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Uwugendesha ikigendajuru, Tim Peake

Uwugendesha ikigendajuru(Astronaute), Tim Paeake, ari we mwongereza wa mbere yagiye ahari icicaro mpuzamakungu c’abaja mu kirere, yasavye imbabazi inyuma y’aho ahamagariye telephone itari yo ari mu kirere.

Uyo agendesha ikigendajuru yanditse ubwo butumwa bwiwe bwo gusaba imbabazi ku rubuga rwa twitter, inyuma yo guhamagara kuri telephone umupfasoni umwe avuga ngo: “ Amahoro, aho hoba ari kw’isi?”

Image caption Ubutumwa bwa Tim Peake kuri twitter

Peake, yavuze kuri twitter ko iyo telephone itariko aratebura.

Ariko ntiyavuze uwo yahamagaye uwo ari we.

Peake, afise abana 2, ava I Chichester, mu burengero bwa Sussex, yashitse ku cicero mpuzamakungu c’abaja mu kirere(ISS), ku wa kabiri, itariki 15 ukwezi kwa 12. Azomara kuri ico cicero amezi 6ariko arakora amatohoza y’ubuhinga.

Mu ntango z’iyi ndwi, yarafashije bagenzi we bagendesha ibigendajuru gusohoka bava kuri ico cicero.

Abagendesha ibigendajuru Tim Kopra na Scott Kelly, bo ku kigo ca Nasa ca Amerika barakeye gusohoka hanze y’ico kigo kugira bakore igikoresho cari capfuye.