UK: Abavyeyi benshi batwara imbanyi mu kiringo ca Noel

uk pregnancy Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Imbanyi nyinshi ziboneka mu gihe ca Noel gusumba mu bindi biringo.

Ubushakashatsi ku bana bavuka mu Bwongereza bwerekanye ko imbanyi nyinshi ziboneka mu gihe ca Noel gusumba mu bindi biringo vyose vy’umwaka.

Ibiharuro vyo muri iyi myaka mirongo ibiri iheze vy’ikigo c’igihugu gishinzwe ibiharuro, vyerekana ko abana bavuka biyongera cane mu ndwi igira mirongo ine(amezi 9), inyuma y’uwo musi mukuru.

Ivyo bishobora kuba biva ko abubakanye bamara umwanya munini bari mu birori, canke bagapima babibona intango y’umwaka w’ishure utangura buri gihe mu ntango z’ukwezi kw’icenda muri ico gihugu.

“ukwiyongera kw’abana bavuka mu mpera z’ukwezi kw’icenda, vyerekana ko imbanyi nyinshi bazitwara igihe gito imbere ya Noel gushika inyuma gato y’uwo musi mukuru, gusumba ibindi bihe vyose vy’umwaka, “ nk’uko bimenyeshwa n’ico kigo.

Mu bisanzwe, abana 1,800 ni bo bavuka buri musi, ariko ico gitigiri kiraduga gushika ku 1,974 ku musi wa mbere havukako abana benshi ari wo tariki 26 ukwezi kw’icenda.

Imisi havukamwo abana bake gusumba, ni mu misi mikuru ya Noel hamwe n’umwaka mushasha.

Ibi bishobora kuba biterwa n’igitigiri guto kiba gitegekanijwe c’abibaruka babanje kubagwa, kuko aba ari imisiy’akaruhuko.

Umwalimu w’ivyigwa vyo kurondoka kuri kaminuza ya Sheffield, Allan Pacey yabwiye BBC:” Ibivugwa ko abana benshi babasama imbanyi mu gihe ca Noel, birafise ishingiro. Ndemera ko iyo misi mikuru n’ibirori vyo muri iyo misi bibifisemwo uruhara”