Mu Burundi biyamirije inteko za MAPROBU

Abantu amajana bateraniye ku kiyaga Tanganyika ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, mu myiyerekano yo kwanka inteko z’ishirahamwe rya Africa, MAPROBU.

Abo bantu bagwiriyemwo abakiri bato b’abagabo bari bavuye mu ma quartiers atandukanye y’igisagara ca Bujumbura.

Image caption Benshi bari bazanywe n’amabisi.

Benshi bari bazanywe kandi batahanwa n’amabisi abandi bari ku mapikipiki n’amakinga yabo.

Imyiyerekano yari irongowe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo.

Image caption Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo (ari hagati kw’ifoto n’agakofero gatukura)

Yabwiye abari bitavye imyiyerekano ati:

‘’Ntihagire uwusubira guhenda abenegihugu ngo Ubumwe bwa Africa bwafashe ingingo yo kurungika inzego mpuzamakungu. Si vyo. Ni commission de paix et de securite. Kuko mu Bumwe bwa Africa Uburundi ntiburimwo? Buvuyemwo ntibuba bukibaye Ubumwe bwa Africa’’.

Yabandanije ati: ‘’Uburundi bufise ingabo zikwiye kandi zishoboye gukingira w’umunyagihugu uwariwe wese’’

Mu vyapa bike abari mu myiyerekano bari bafise hari icari canditse mu congereza kivuga ngo:

‘’Abenshi binumiye ntibazokwigera bemera MAPROBU’’

Image caption Bamwe mu bari mu myiyerekano bari bafise ivyapa.

Urwego rujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa (Union Africaine ) ku ndwi iheze rwafashe ingingo yo kurungika inteko ibihumbi bitanu vyo gukingira abantu mu Burundi ku bwoba ko hashobora kwongera kuba jenoside mu karere.

Inzego za leta zose zimaze kwiyamiriza izo nteko.

Africa n’amakungu anasaba kandi ko haba ibiganiro bihuje impande zose zegwa na politike mu Burundi harimwo abatavuga rumwe na leta benshi ubu bahungiye hanze.

Umuhuza yagenywe n’akarere umukuru wa Uganda Yoweri Museveni yatangaje ko ibiganiro bizokwugururwa ku wa mbere 28/12/2015.

Amezi arenga atandatu arashize mu Burundi harangwa ubwicanyi bushingiye ku mpari ku kiringo ca gatatu ca Prezida Pierre Nkurunziza yatsindiye mu matora yabaye mu kwezi kw'indwi abatavuga rumwe nawe batitavye.

Ku bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu Burundi hamaze kwicwa abantu barenga 400 kuva hatanguye uruhagarara n’intureka bifatiye ku mpari za politike.

No mw’ijoro ryakeye hari umuntu yaraye yiciwe muri quartier ya Nyakabiga hagati mu gisagara ca Bujumbura ahumvikanye amasasu mu masaha y’umugoroba.