Ubufaransa bwashize ahabona inyandiko ziraba aba nazi

francois hollande
Image caption Prezida w'Ubufaransa Francois Hollande

Ubufaransa bwatanze uruhusha rwo kwerekana inyandiko zo mu gipolisi no mu bushikiranganji zari zibitswe, zo ku ntwaro ya Vichy yari ashigikiye aba Nazi mu ntamabara ya kabiri y’isi.

Izo nyandiko zirenga 200,000 zashizwe ahagaragara kuri uyu wa mbere, zikaba ari izo hagati y’imyaka ya 1940-1944, ku ntwaro ya Marshal Philippe Petain.

Muri ico gihe c’intambara, ubutegetsi ba Vichy bwarafashije abanazi b’abadagi gukura abayahudi 76,000 mu Bufransa, harimwo n’igitigiri kinini c’abana.

Ubufaransa kandi bwashize ahabona inyandiko zo ku ntwaro y’inyuma yo kwibora.

Izo nyandiko zo kuri Vichy n’izo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubwo imigenderanire n’ubutungane co kimwe n’ico mu gipolisi vy’igihe c’intambara.

Zimwe muri zo zijanye n’amatohoza y’amabi akorerwa mu ntambara yakozwe n’abategetsi bagize intambara yo kubohoza Ubufaransa, inyuma y’aho abanazi b’abadagi batsindiwe.