Kenya: Abantu babiri barashwe n'igisirikare

kenya military Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe umutekano bari mu kazi kabo ka misi yose inyuma yuko bibonekeye ko ubwicanyi bwiyongereye

Inkuru zivuga ko abantu babiri bitavye Imana, abandi batatu barakomereka igihje abasirikare barasa imodoka imwe mu gisagara ca Mandera, mu bintu bitaramenyekana neza impamvu.

Abasirikare bariko bamaze imisi bakora ibikorwa bikomeye muri ico gisagara inyuma yo kumenyekana ko hari ibikorwa vy’iterabwoba bihavukwa mu misi iheze.

Abapolisi bane baramaze gusiga ubuzima mu bitero bitandukanye muri ico gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya mu kiringo kitarenga indwi imwe.

Babiri muri abo bishwe ku musi w’Imana, igihe imodoka barimwo yategwa igisase mw’ibarabara rya Elwak-Lafey.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Mwenda Njoka, yavuze ko abajejwe umutekano bari mu kazi kabo ka misi yose ko gucungera umutekano.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ntibiramenyekana icatumye abo basirikare barasa

Inkuru zerekeye ico bariko barakora imbere yo kurasa ntizifudutse.

Ababa ngaho bavuga ko abo bantu batatu bari mu modoka yabatobokeyeko, ko boba base gukurikiza itegeko bari bahawe n’igipolisi ryo guhaguruka.

“Hari imodoka iruhande y’ibarabara, n’abapolisi bari bipfutse ibitambara mu maso bari mu modoka, baca batangura kurasa kuri iyo modoka,” ivyo bivugwa na Saat Abajana, ari mu nama nshingamateka y’intara ya Mandera.

“Bishe abantu babiri, bakomeretsa batatu, mu bakomeretse, babiri ntibari mu modoka.”

Bivugwa ko haciye hatangura imyiyerekano muri ico gisagara ca Mandera, abahaba batera ivyatsi ubwo bwicanyi.