USA: Abantu barenga 40 bahitanywe n'igihuhusi

america stoms Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Amazu menshi yarononekaye

Abantu 43 ni bo babuze ubuzima mu misi 5 iheze bivuye ku gihuhusi mu turere two mu bumanuko no mu burengero bwa Amerika.

Umwuzure, umuyaga ukomeye n’ubukanye burenze urugero vyarononye inzu zitagira igitigiri, ubudandaji hamwe kwunguruza abantu.

Ibiro vy’igihugu bishinzwe kumenyesha iyindagurika ry’ibihe, vya vyamenyesheje ko hashobora kwaduka ibihuhusi mu ntara za Texas, Arkansas, Louisiane, Oklahoma na Mississipi.

Abarongoye intara za Missouri, Oklahoma na New Mexico bari batanganje ko abantu bokwama bagavye.

Mu ntara ya Illinoi, abantu batanu, harimwo abana babiri, baratwawe n’umwuzure bari mu modoka.

Na yo mu ntara ya Texas, abantu 11 barahitanywe n’ico gihuhusi cari gifise umuvuduko w’ibirometero 300 kw’isaha.

Inzu nyinshi zarononekaye mu ntara ya Texas, imodoka bazirovye mu mazi.

Abantu batanu baritavye Imana bari mu modoka mw’ibarabara rikuru rica mu gisagara ca Garland.

Umukuru w’igipolisi, Pedro Barineau, yavuze ko abantu bariko baragendesha amamodoka ntibashoboye kwumva ubutumwa bubagabisha kuei ico gihuhusi cariko kiraza.

Ico kihuhusi cahitanye amazu, amashengero n’ibiti mu karere kanga na kirometero 64