Ububiligi: Babiri bafashwe bagirizwa iterabwoba

belgium arrest Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ububiligi bumaze imisi bugavye kubera ibitero vyabaye i Paris mu kwezi kwa cumi na rimwe

Igipolisi co mu Bubiligi cafashe abantu babiri bagirizwa gutegura ibitero vyo mw’ijoro buca ari umwaka mushasha mu gisagara ca Bruxelle.

Bafashwe mu musako w’abapolisi ku musi w’Imana no ku wa mbere I Bruxelle no mu ntara za Flemish, Brabant na Liege.

Abapolisi barafashe impuzu za gisirikare, n’inyandiko zo kwimenyekanisha, ariko nta nkoho canke ibisase biturika batoye.

Igihugu c’Ububiligi kimaze imisi kigavye, kuva habaye ibitero vy’I Pari mu Bufaransa ku wa 13 ukwezi kwa cumin a rimwe.

Abagize ivyo bitero nka bose bivugwa ko baba mu gihugu c’Ububiligi.

Abapolisi ariko bavuga ko abo bantu babiri bafashwe ata sano bafitaniye n’abagize ibitero I Paris bigahitana abantu 130.

Umwe muri abo bafashwe yagirizwa kuba arongoye umugwi w’iterabwoba no kwandika abashaka kuwujamwo.

Bagirizwa gutegura ibitero mu bibanza bitandukanye I Bruxelle, no ku gipolisi, nk’uko vyamenyeshejwe ku mboneshakure y’Ububiligi, RTBF.

Impapuro zo kwimenyekanisha z’umugwi wiyita Islamic State, ni bimwe mu bintu bafatanywe n’igipolisi.

Mu kwezi kwa cumin a rimwe, ibikorwa bidasanzwe vyamaze imisi ine, amashure, kaminuza n’uburyo bwo kwiyunguruza burahagarikwa, abategetsi batinya ko haba ibitero nk’ivyari vyabaye I Paris.

Nyaraka za propaganda kutoka kwa kundi linalojiita Islamic State ni baadhi ya vitu vilivyonaswa na polisi.

Mwezi Novemba, shughuli muhimu zilimamishwa kwa siku nne na vyuo, shule na vituo vya uchukuzi kufungwa, maafisa wakihofia kutekelezwa kwa shambulio sawa na la Paris.