France: Imbwa yahawe agashwimwe k'ubutwari

france diesel
Image caption Imbwa Diesel

Imbwa y’umupolisi yishwe mu gihe bariko barasaka inyuma y’ibitero vy’I Paris, izoronshwa agashimwe k’intwari.

Diesel, imbwa yo mu bwoko bwa Belgian Shepherd, yari ifise imyaka indwi, yapfiriye mu bikorwa vyo gusaka umwe baronderwa cane yateguye ivyo bitero.

Iyo mbwa izoronswa agashimwe kitwa Dickin Medal, gatangwa n’ishirahamwe ryitaho ibikoko rya PDSA.

Ako gashimwe kangana n’ako umusaraba wa Victoria uhabwa babaye rurangiranwa mu ntambara.

. Imbwa “ Intwari y’I Paris” yaravuzwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi

Kwimenyekanisha nka #JeSuisChien(ndi imbwa), vyaranditswe cane kuri twittwer inyuma y’aho Diesel yiciwe.

Image caption Abantu benshi bararungitse ubutumwa bwo guhoza kubera urupfu rwa Diesel

Diesel izoronswa ako gashimwe ku musi mukuru uteguwe mu mwaka uza.

“Inkuru z’urupfu rwa Diesel zikimenyekana, abantu benshi bararungitse ubutumwa bwo guhoza,” nk’uko bivugwa n’umukuru w’ishirahamwe rya PDSA, Jan McLoughlin.

“Twararonse ubutumwa bwinshi buvuye buvuye ku bantu, bavuga ubutwari bwayoi”.

Kuva agashimwe nk’ako gatanguye gutangwa mu mwaka 1943, ibikoko 66 ni vyo bimaze kuronka ako gashimwe gushika ubu.

Ivyo bikoko ni imbwa 30(harimwo na Diesel), inuma zibiri zakoreshejwe mu kujana amakete mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose, ifarasi hamwe n’inyabu imwe.