Apple igiye kuri ihadabu kubera kutariha amakori

apple italy Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Apple igiye kuriha ihadabu y'ama Euro imiliyoni 318

Igisata Apple mu Butaliyano cemeye kuriha amafaranga y’abanyaburaya imiliyoni 318, bivuye ku matohoza kuvyavuga ko kitatanze amakori, nk’uko bimenyeshwa n’abategetsi bashinzwe kwegeranya amakori mu Butaliyano.

Abatoza amakora mu Butaliyano bavuga ko iryo shirahamwe ritarishe amakori agera ku miliyoni 880 y’ama Euro, hagati y’umwaka 2008 na 2013, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru La Republica.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’amatohoza yakozwe n’umushikirizamanza wo mu gisagara ca Milan.

Iryo shirahamwe ry’ubuhinga ryo muri Amerika nta co rirabivugako. Ryarahakanye ko ryoba ryaragerageje kwanka kuriha amakori, ku nyungu ryagiye riraronka kw’isi yose.

Apple igisata co mu Butaliyano gikukira ibiro bikuru bijejwe uburaya bwose bifise icicaro muri Irlande, igihugu kimwe mu bitangisha amakori ari hasi cane kw’isi yose.

Umuvugizi w’ibiro bitangisa amakori yemeje ivyo vyanditswe n’ico kinyamakuru, ariko yanka kugira ibindi yongerako.

Igihugu ca Irlande caka amakori avuye ku nyungu y’amashiramwe y’ubudandaji ashika ku bice 12,5% ugereranije n’Ubutaliano busaba 27,5%.

Abakoze amatohoza mu Butaliano basanze hari ikinogo minini hagati y’mahera yabonetse mu Butaliyano arenga umuriyaridi w’ama Euro hagati y’imyaka 2008 na 2013 hamwe n’imiliyoni 30 z’ama Euro yarishwe nk’ikori muri ico gihugu.

Iryo rihwa rije mu gihe akanama k’ubumwe bwa Buraya kariko karagira amatohoza ku mashirahamwe menshi mpuzamakungu yagirizwa gukoresha amashami anyuranye mu bihugu kugira agabanye uburemere bw’amakori, rimwe na rimwe yinyegeje inyuma y’amasezerano yo mu mpisho, mu bisanzwe adakurikije amategeko.

Ikibazo c’umwumvikano hagati ya Apple na Irlande ntibisa, ariko bifitaniye isano n’amashirahamwe mpuzamakungu aronka inyungu aho afise ivyicaro ariko akwunguka cane kubera amakori ari hasi cane.

Hariko harakorwa amatohoza ku bikorwa vya Apple muri Irlande, afise intumbero yo yo kumenyesha nimba harabaye umwumvikano wo mu mpisho werekeye amakori, ufise intumbero yo guha imfashanyo ico gihugu idaciye mu mategeko.

Ibikorwa vya Apple I Buraya bifise icicaro I Cork kuva 1980.

Iryo shirahamwe rifise muri ico gihugu abakozi bashika 6000, ayandi mashirahamwe y’ubuhinga yo muri Amerika akaba yaciye ajayo, harimwo Twitter, Microsoft na Google.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umukuru wa w'ishirahamwe Apple ryo muri Amerika

Umukuru w’iryo shirahamwe, Tim Cook, yaramiriye kure ivyo vyagiriji ko Apple yoba itarishe amakori mu kunyegeza ubutunzi bwaryo mu bindi bihugu avuga ko:”Turariha ikori ry’idollar ryose tuba tubafitiye.”

Mu rugendo yagize muri Irlande mu kwezi kwa cumi na rimwe, Cook yavuze ko yizeye ishirahamwe arongoye na Irlande bazokwagirizwa kuba ata kintu na kimwe bakoze.