Prezida Nkurunziza: Inteko mvamakungu tuzozirwanya

burundi public conference
Image caption Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza ariko arishura ku bibazo vy'abanyagihugu

Ababajije ibibazo umukuru w’igihugu bashimikiye cane cane ku bibazo bijanye n’ubwicanyi, umutekano muke, ibiganiro hagati y’abarundi hamwe n’inteko mvamakungu.

Ku kibazo c’inteko, Prezida Nkurunziza yagize ati:”Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ritegekanya ko haza inteko mvamakungu iyo hari impande zibiri zishamiranye zibisavye canke iyo ata reta iriho”

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

“Ubu rero izo nzego ni zaramuka zije tuzozigwanya kuko u Burundi buzofata ko butewe”.

Ku vyerekeye ibiganiro, Umukuru w, igihugu yasubiye kumenyesha ko ari ivyo abarundi bose, kandi ko ataho bizoshika abarundi batabishigikiye.

Image caption Imyiyerekano yo kwiyamiriza inteko mvamakungu

Prezida Pierre Nkurunziza yavuze ariko ko bibabaje kubona hari imigwi y, abantu batemewe na reta itumirwa murivyo biganiro.

Yamenyesheje ariko ko ikibazo c’umutekano reta yonyene ata muti yokwishoboza gutora, aca ahamagarira abantu bose cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura, kwijukira ama komite y’umutekano kuko ngo aho ayo makomite ari nta bibazo vy’umutekano biharangwa ngo n’iyo vyibonekeje bica bitorerwa umuti ni ngoga.

Prezida Nkurunziza agize ico kiganiro mu bihe bitoroshe, hamaze imisi haba ubwicanyi hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Prezida Museveni wa Uganda ariko araramutsa abitavye ibiganri i Entebe

Ico kiganiro n’abanyagihugu kandi kibaye mu gihe haraye hatanguye ibiganiro hagati y’impande zose zishamiranye mu Burundi, I Entebe muri Uganda, bikazoca vyungururiza I Arusha muri Tanzania, mu ntango z’umwaka uza.

Umutekano warahungabanye, umwe muri basomambike wiwe, Gen Adolphe Nshimirimana aragandagurwa, umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto ararusimba. Ibihugu bimwe bimwe vya Buraya n'amashirahamwe vyarafatiye ibihano Uburundi.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Gen Godefroid Niyomabare, umukuru w'abashatse gutembagaza ubutegetsi

Intureka zadutse kubera ukutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, zatumye haba abashaka gutembagaza ubutegetsi, abanyagihugu barenga amajana ane baritaba imana, abandi barenga ibihumbi amajana atatu barata izabo.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, UA, ryari riherutse kumenyesha ko rigiye kurungika ingabo 5,000 zo gukinga ko haba “genocide”, ariko reta n’inama nshingamateka bariyamirije ico cipfuzo, bahamagarira abantu mu mabarabara kwiyamiriza iyo ngingo.