Trump agiye gukoresha imiyoni 2$ buri ndwi mu kwiyamamaza

usa trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri Amerika, umugwizatunga Donald Trump

Uwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’Igihugu wo mu mugambwe w’aba republicain muri Amerika, Donald Trump, avuga ko ategura gukoresha imiliyoni zibir z’amadollars buri ndwi azokoreshwa mu matangazo yo kwiyamamaza gusa.

Trump yavuze ko azotanguza amatangazo menshi mu ntara ya Iowa, New Hamphire na South Caroline imbere y’uko abazoserukira imigambwe mu matora yimirije batorwa.

Ivyo yabivuze mu gihe uwahoze arongoye intara ya New York, George Pataki yikuye muri ayo mahiganwa yo gutora uwuzoserukira umugambwe w’aba republicain.

Inkuru zivuga ko yashimye gukinjura inyuma y’aho aboneye ko abantu benshi ata mahirwe baamuha.

Trump, asanzwe ari umugwizatunga akomeye cane, yari yavuze ko amahera azokoresha amahera yiwe bwite mu kwiyamamaza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Gushika ubu Donald ni we ahabwa amahirwe menshi mu mugambwe w'aba republiain

Yongeyeko ko amaze gukoresha amahera make cane gushika ubu, n’aho ari we akiza imbere y’abandi.

“Nzokoresha n’imiburiburi miliyoni 2 z’amadollars mbere zishobora no kurenga,” uko ni ko yavuze kuri video yerekanywe n’imboneshakure y’abanyamerika CNN.

“Nzotanguza amatangazo muri Iowa, New Hampshire, South Carolina, kandi azoba ari menshi cane”.

Trump yaridogewe incuro nyinshi kubera amajambo agenda ashikiriza ateye amakenga. Mu misi iheze aranebaguwe cane kubera yari yavuze ko Abaislam bobuzwa kwinjira mu gihugu ca Ameriaka, inyuma y’aho abantu babiri bubakanye biciye abantu 14 mu gisagara ca San Bernardino, mu ntara ya California.

Amatora yo kumenya abazoserukira imigambwe azoba mu kwezi kwa kabiri.

Amatora nyezina azoba mu kwezi kwa cumi na rimwe.