N'igiki cateye umuriro mw'ihoteli y'i Dubai?

dubai fire Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abagira amatohoza baracahiga icateye umuriro muri iyo hoteli ya Burg Khalifa, y'igorofa 63

Abagira amatohoza I mu gisagara ca Dubai bariko baragerageza kurondera icatumye haduka umuriro mw’ihoteli nziza cane mw’ijoro rishira umwaka mushasha, ukomeretsa abantu benshi.

Uwo muriro wadutse hariko haratutswa ibintu vyo kwigina umwaka mushasha muri iyo hoteli ya Address Downtown ifise igorofa 63.

Abantu bari muri co cumba baciye bavanwayo vyihuta.

Abantu 16 ni bivugwa ko bakomeretse.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Gushika mu gitondo, umwotsi wari ukiboneka

Abajejwe kuzimya umuriro baraye baragerageza kuwuzimya ijoro ryose, ariko gushika mu giitondo hari hakiboneka umwotsi.

Guturikiriza ibintu muri Burg Khalifa, inzu isumvya uburebure izindi zose kw’isi, vyabandanije nk’uko vyari vyateguwe hirya kure y’iyo nyubakwa.