Ubwoba bw'ibitero vy'iterabwoba i Munich

munich attack Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igipolisi ca Munich kiragavye kubera inkuru zivuga ko hari abashaka kugira ibitero muri ico gisagara

Igipolisi co mu gisagara ca Munich vyugaye ibibanza bibiri vya gariyamoshi, inyuma y’aho ibiro bishinzwe iperereza bigabishorije ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Abajejwe umutekano baronse inkuru zivuga ko, abiyahuzi b’umugwi Islamic State(IS), bari gutera ikibanza gikomeye ca gariyamoshi ca Pasing, nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Mu nyuma ivyo bibanza vyasubiye gukora nk’unko igipolisi cabimenyesheje kuri twitter.

Ibisagara bikuru vy’iburaya vyagumye bigavye kubera ugukeka ko hashobora kuba ibitero vy’abiyahuzi mw’ijoro rishira umwaka mushasha.

“Ndanserewe kubona ata kintu na kimwe kibi cashitse, kandi nizeye ko ibintu bibandanya uko,” uko ni ko umushikiramganji Joachim Hermann yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanyi bari hagati ya batanu n'indwi ni bikekwa ko bariko barategura ico gitero

Abarwanyi bari hagati ya batanu n’indwi ni bo bikekwa ko bariko barategura ivyo bitero, nk’uko bimenyeshwa n’umukuru w’igipolisi ca Munich, Hubertus Andra.

Igipolisi kijejwe kurwanya ubukozi bw’ikibi ni co cahaye iyo nkuru polisi ya Munich, inyuma y’aho na bo bayiherewe n’ikindi gipolisi kijejwe iperereza, nk’uko Hermann abandanya abivuga.

Ibimenyeshamakuru vyo mu Budagi bivuga ko iyo nkuru yaje iva mw’iperereza mu Bufaransa.