Icuka kibi mu burasirazuba bwo hagati

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Kwishira hamwe mu kwiyamiriza Iran bibaye inyuma y'iyicwa ry'umukuru w'idini wo mu murwi w'aba Shia, arerwa iterabwoba.

Igihugu ca Barhain cahagaritse imigenderanire na Iran, nayo Sudani yirukana uwuserukira Iran muri ico gihugu.

Leta ya Emirats Arabes Unis nayo yagabanije igitigiri c'abakozi bo mu biro vyayo i Tehran.

Iran na Arabia Saudite nivyo bihugu birimwo imigwi y'aba Sunni n'aba Shia benshi mu karere, bikaba bishigikiye impande zirwana muri Syria na Yemen.

Igihugu ca Barhain gitwarwa n'umwami wo mu murwi w'aba Islamu b'aba Sunni, ariko kikaba kirwiriyemwo aba Shia, yahaye abaserukira Iran amasaha 48 kugira babe bavuye mu gihugu.

Bahrain yagiriza Iran gukokeza no kwivanga mu bibazo vy'ibihugu vyo mu karere ko mu kigobe c'Abarabu.