Obama yafashe ingingo ku birwanisho bicira umuriro

america gun Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Uwushaka kugura ikirwanisho muri USA ategerezwa kwerekana kahise kiwe.

Prezida Barack Obama wa Amerika ashaka kwongereza uburyo bwo kugenzura kahise k’abashaka kugura ibirwanisho bicira umuriro, muri zimwe mu ngingo zigiye gufatwa mu kurwanya ubwicanyi.

Uwo mugambi uzoshikirizwa ku wa kabiri na Prezida, n’aho mu nama nshingamateka baterekwa ayo mategeko mashasha.

Abagurisha ibirwanisho bose babihererekanya canke abafise amazu abigurisha, bazotegerezwa kubanza kumenya kahise k’abashaka kubigura.

Uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’aba Republicain, avuga ko iyo ngingo ya reta agiye kuyirwanya yivuye inyuma.

Benshi mu bitoza muri ico kibanza c’umukuru w’igihugu muri uwo mugambwe, bavuga ko iyo ngingo bazyifuta bagishikirizwa ayo mabanga mu gihe boba batsinze amatora.

Ariko prezida Obama avuga ko izo ngingo nshasha zijanye n’amategeko, hamwe n’isubirwamwo ry’amategeko rya kabiri riha uburenganzira buri munyamerika avyipfuza kugira ikirwanisho.

Prezida Obama yavuze ko n’aho ayo mategeko atazotora inyishu ku bwicanyi bubera muri Amerika, azofasha mu gukiza ubuzima bw’abantu n’imiryango, hamwe no gukinga amaganya y’ababuze ababo.