Umushingamateka imbere ya sentare azize gutuka muka prezida Mugabe

zimbabwe court mp Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Grace Mugabe, umupfasoni wa Prezida Robert Mugabe

Umushingamateka umwe wo mu mugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Zimbabzwe, yimirije kwitaba sentare yagirizwa gutuka umupfasoni wa prezida Robert Mugabe, Grace Mugabe.

Uwo mushingamateka, Justice Wadyajena yagirizwa gukoresha “imvugo yo gutuka” uwundi muyoboke w’umugambwe uri ku butegetsi wa Zanu_PF, yariko arashira ifoto y’umupfasoni wa Mugabe ku modoka yiwe.

Ivyo bibonwa na benshi nk’ukutumvikana koba kurangwa muri uwo mugambwe kuwuzosubirira prezida Mugabe yimirije gukwiza imyaka 92 mu kwezi kwa kabiri.

Ku mpapuro zimwagiriza muri sentare, bavuga ko yabwiye Jimayi Muduvuri:”Wewe iri ikijuju cane, nta co mutandukaniyeko n’uwo mugore.”

Azoburanira muri sentare ya Victoria Falls.

Umupfasoni wa prezida wa Zimbabwe ahamagarwa “amai” bisigura mama, n’abayoboke b’umugambwe Zanu-PF.

Uwo mushingamateka arahakana ivyo yagirizwa