Iran na Arabie Saudite bisabwa kwumvikana

iran and saudi arabia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Prezida wa Iran, Hassan Rouhani ari kumwe n'umwe mu bategetsi ba Arabie Saudite

Umunyamabanga ajejwe imigenderanire muri Amerika, John Kerry, yasavye ibihugu vya Arabie Saudite na Iran gutorera inyishu ibibazo bafitaniye mu vyo imigenderanire.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire yavuze ko Kerry yavuganye kuri telefone n’abashikiranganji b’imigenderanire b’izo mpande zibiri.

Arabie Saudite yahagaritse yahagaritse imigenderanire na Iran, inyuma y’aho abantu bari mu myiyerekano batereye ibiro vy’uwuserukira ico gihugu muri Iran, bongera barabiturira.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyerekano yo kwiyamiriza iyicwa rya Sheikh Nimr al-Nimr muri Iran

Harabaye imyiyerekano myinshi yo kwiyamiriza iyicwa ry’umutegetsi w’idini w’umushia muri Arabie Saudite.

Iran yiganziwe n’abashia na Arabie Saudite yiganziwe n’aba Sunni, zama zatanye mu mitwe mu ntambara ziriko zirabera muri Yemen no muri Syria.

Akanama ka Onu kajejwe umutekano karanebaaguye kivuye inyuma uguterwa kw’ibiro nserukiragihugu vya Arabie Saudite I Tehran, ariko nta co bavuze kw’iyicwa ry’umutegetsi w’umu shia, Sheikh Nimr al-Nimr, n’abandi bari kumwe bagirizwa iterabwoba.