Babigenza bate?

Image caption Abenshi mu badandaza bato bato b'abakenyezi, badandariza mw'ibarabara canke muri karitiye hagati

Batatu muri abo bakenyezi b'abadandaza batobato, basize ubuzima mu gisagara hagati, mu kibanza bandamwo imboga n'ivyamwa hari kuwa 22 z'ukwa gatanu, mu mwaka uheze.

Uretse batatu bapfuye, abandi 40 nabo barakomeretse, kubera ibisasu ntezwantoki vyahatewe mu gihe c'umugoroba.

Abadandariza mu mabarabara y'igisagra ca Bujumbura canke mu masoko ari mu makaritiye amaze igihe arangwamwo uruhagarara, bavuga ko n'aho biruko bagumanye ubutwari, bakarengera ubwoba bagasahoka kugira babesheho imiryango.

Kubera uwo mutekano muke rimwe na rimwe abo bakenyezi barabura aho baca kugira baje kurangura, ni yo babironse ntibaronke aho babidandariza.

Nubwo biri uko ariko bamwe muri bo barahabereye intwari babandanya bakora kugira bashobore gutunga imiryango yabo.

Umwe muri abo bakenyezi ni Evelyne, andadariza imboga mw'ibarabara hagati mu gisagra ca BUJUMBURA .

Igihe c'isaha imwe n'igice twahuriranye yururutse bajaja canke "touk touk" avuye kurangura kw'isoko bita City Market benshi bita kwa Siyoni

Evelyne aba muri karitiye ya Mutakura mu buraruko bw'igisagra ca Bujumbura igice gikunze kurangwamwo umutekano muke.

Uwo mukenyezi avuga ko mu bisanzwe azinduka nk'igihe c'isaha cumi n'imwe za gatando akajana n'abagenzi biwe kurangurira aho kwa Siyoni.

Ariko ko kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane k'umwaka uheze bakora mu bihe bigoye cane.

Akenshi ngo hari igihe bavyuka bagasanga ibiziga kw'ibarabara canke amasasu akavuga bamaze gushika iyo barangurira.

Yagize ati: "Amasasu yarigeze kuvuga ndiko ndarangura kwa Siyoni, narakumbagaye hasi, igitenge nari nkenyeye kirakakorokera hasi.. ibirato ndabita aho ... ndiruka kubera ubwoba"

Evelyne avuga ko bimaze gucureha, yanduye ivyo yabonye hafi muvyo yarahejeje kurangura. baca burira mu muduga n abandi bakenyezi bagenziwe.

Avuga ko n'ubwo yari yakomeretse atashobora gutaha.

Evelyne n'imfura mu muryango utishoboye w'abana 5. Umuvyeyi wiwe ngo ntakora kandi ageze muza bukuru.

Maria n'uwundi mukenyezi nawe nyene adandariza mw'ibarabara. Afise umwana w'umwka n'igice.

Aramuzana aho adandariza kubera ko aconka. Avuga ko n'akarorero k'umunsi wa mbere uheze igihe haturika ibisasu (Obus) mu gisagra yirutse ata mwana.

Igisasu cahitanye abakenyezi batatu kigakomeretsa abandi bantu 40 kw'isoko rikuru rya Bujumbura, inyuma y'indwi zine hatanguye uruhagarara muri ico gisagara.

N'ubwo imyiyerekano yarubanjirije yahavuye igacureha, umwnaya n'uyundi havuga urwamo rw'ibirwanisho, canke abantu bagatorwa ku mayira bishwe.

Abo bakenyezi badandariza mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko n'ubwo bita kurutare bakabandanya bahakorera, ikibazo c'umutekano kidatorewe umuti bazoteba bakanananirwa.