Abandi bigeme barafashwe ku nguvu n'ingabo za Onu muri Centrafirque

car un Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abasirikare ba Onu boba barafashe abandi bigeme baakiri bato ku nguvu

Hari izindi nkuru zishasha zivuga ko abasoda ba Onu bari Centrafrique boba barafashe abana b’abigeme bakiri bato ku nguvu.

Umuvugizi wa Onu avuga ko amatohoza yatanguye.

Ivyagiriji bishasha bituma igitigiri c’abigeme bafashwe ku nguvu n’abasoda ba Onu bagiye kugarukana amahoro muri Centrafrique gishika 26, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.

“Turarushe kandi ibi biraturwaza kubona ibi bintu biba buri gihe,” ivyo vyavuzwe n’uwuserukira igihugu ca Nouvelle-Zelande muri Onu, Gerard Van Bohemen, inyuma y’aho inama ya Onu ijejwe umutekano yigiye ico kibazo mu mwiherero I New York, nk’uko bivugwa na AFP.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bamwe muri abo bigeme bafashwe ku nguvu baba mw'ikambi y'abateshejwe izabo mu gisagara ca Bangui

Basubiyemwo ivyo umutegetsi wa Onu avuze ko bamwe muri abo bigeme bafashwe ku nguvu bivugwa ko baba mw’ikambi y’abataye izabo kubera intambara iharangwa kuva mu 2013, ku mugwa mukuru wa Centrafrique, I Bangui.

Abo basirikare bakoze iryo bara boba bava mu bihugu vya Gabon, Misri na Maroc, ariko, nk’uko AFP ivyandika, Onu ntiravyemeza.