Cologne: Igipolisi getegerezwa kwisubirako

cologne police Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi ca Cologne gisabwa kwisubirako inyuma y'ibitero vyagizwe ku bapfasoni mu gihe c'umwaka mushasha

Igipolisi c’Ubudagi kirakeneye gusubiramwo ubuhinga bwaco kubera ibitero vyagizwe ku bapfasoni mu gisagara ca Cologne mi gihe c’umwaka mushasha, nk’uko vyavuzwe n’umwe mu bategetsi.

Ralf Jaeger, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri North Rhine-Westphalia, yavuze ko igipolisi gitegerezwa “kwisubirako” kubera imigwi y’abagabo yateye abapfasoni ikivunga.

Yavuze ko batatu mubagize ivyo bikorwa bibi bamaze kumenyekana, ariko ko ata n’umwe arahagarikwa.

Abapfasoni benshi bavuga ko bibwe bongera barakubagurwa n’abagabo, bivugwa ko boba ari abarabu canke basa n’abava mu buraruko bwa Afrika.

Jaeger yagabishije kandi imigwi irwanya abimukira iriko iragerageza kwikika inyuma y’ivyo bitero, mu gukwiragiza urwanko ku mpunzi.