Onu igiye gufatira ibihano Korea ya ruguru

north korea bomb Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Akanyamuneza k'abanyagihugu ba Korea ya ruguru bamenye ko habaye igeragezwa y'ibombe ya hydrogene

Inyuma y’umusi umwe Korea ya ruguru igerageje ibombe ya Hydrogene, akanama ka Onu kajejwe umutekano, kwumvikanye ko kagiye gufatira ibihano ico gihugu.

Benshi mu bahinga berekanye amakenga kuri iryo geragezwa ry’ibombe ya nucleiare, ribaye ubugira kane, bibazako itoba ari iya Hydrogene bivanye n’ingene ryaturitse.

Ibombe ya Hydrogene n’imwe mu mabombe ari mu bwoko bwa atomique canke ya nucleaire afise inguvu zirengeje.

Abahinga bavuga ko iyo bombe ya hudrogene ifise inguvu nyinshi ku buryo ishobora gusambura igisagara cose ubwo nyene.

Kubera iryo geragezwa, amakungu abandanya kwiyamiriza ico gihugu, umunyamabanga mukuru wa Onu, yigeze kuba umushikiranganji w’imigenderanire ya Korea y’epfo n’amakungu, Ban Ki Moon, yavuze ko iryo geragezwa rya nucleaire, ari ibintu bitee ubwoba.

“Iri geragezwa risubiriye riteye kubiri n’ingingo nyinshi z’inama ya Onu ijejwe umutekano hamwe n’amakungu zo gutuza ibintu nk’ivyo. Biteye kubiri kandi n’imico y’amakungu yo kugerageza ibombe za nucleaire. Ico gikorwa kiboneka nk’ico gutera ubwoba ku mutekano wo mu karere, no gusuzugura ingendo y’amakungu yo kureka gukora ibirwanisho ruhonyanganda. Ndiyamirije niviye inyuma ic gikorwa.”

Uwufise ububasha kw’isanamu APTN
Image caption Inkuru y'igeragezwa ry'ibombe ya hydrogene yamenyeshejwe ku mboneshakure ya Korea ya ruguru

Muri Amerika na yo, mu biro vy’umukuru w’igihugu, bavuga ko amatohoza baheruka kugira kuvyerekeye igeragezwa ry’iyo bombe ya nucleaire ya Korea ya Ruguru , ntiyemeza ko ico gihugu coba cashoboye gutera ibombe ya hydrogene.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika, Josh Earnest, yavuze ko Korea ya ruguru ikwiye guharigwa ivomo mu gihe yobandanya ibikorwa vyo kwirengagiza amasezerano bafitaniye n’amakungu kuvyerekeye ibirwanisho vy’ubumara, harimwo no kugerageza ibisase vyo mu kirere.

“Turababajwe cane n’ibikorwa vyo kubangamira amahoro n’umutekano inyuma y’ibikorwa vyo kurenga ku masezerano vya Korea ya ruguru. Uburusiya n’Ubushinwa na vyo vyashavujwe n’iryo geragezwa. Ni co gituma turiko turagira inguvu kugira amakukungu avuge ururimi rumwe, tuvuge tutarya umunwa ko inzira isigaye kuri Korea ya Ruguru, ari imwe gusa kandi nziza kubanyagihugu ba Korea ya ruguru, izoba nzinza no ku butunzi bw’ico gihugu mu gihe boja hamwe n’amakungu.”