Ubuzima bw'ababanye na Boko Haram

Imwe mu makambi akomeye iri mu karere kameze nk'ubugaragwa hanze y'igisagara ca Dalori, ahari imirongo y'utuzu tw'amashitingi turenga kirometero yose.

Umunyamakuru wa BBC Jimey Saleh, yahuye na bamwe mu bahunze baba muri iyo kambi, bamubwira uko barokotse ibitero vya Boko Haram n'uko babayeho kino gihe

Image caption Mai Mutti

Umwe mu bantu bazwi cane muri iyo kambi ya Dalori, ni bwana Mutti agendera ku kabando.

Uyu mugabo w'imyaka 55 yahoze ari umurwizatunga, yahunze ava muri Bama, ari kumwe n'abandi bantu bagera ku 1000, baturatujwe n'abarwanyi basize bivye igisagara cabo urukombamazi mu 2014.

Yarashwe urusasu ku kuguru kw'ibubanfu.

Yagize ati "nari mu buriri, igihe baza mu mutwenzi; nari ngifise igikomere c'aho bandashe mu gitero caheruka".

Abo barwanyi basize bishe umuhungu wiwe w'imyaka 24, batwara n'abakobwa biwe babiri.

Ubu aba aho muri Dalori, n'abagore biwe babiri, abana icumi n'abuzukuru batatu.

Image caption Ivuriro rya Dalori

Amakuba we na bagenzi we baciyemwo, bayibagizwa n'akanyamuneza k'abana.

Abari munsi y'imyaka 18 nibo benshi mu baba muri iyo kambi, barikina amatavu, ubona ko batitaye ku vyabaye canke ingorane ziri imbere.

"Ejo, uzogaruke, uzogaruke, uzogaruke", uko niko baririmba.

Ariko ingwara zo gufungura nabi na malariya, kimwe n'izindi ngwara zandukira, zirababangamiye.

Muganga Noah Bwala, afise imyaka 60 yagize ati:"Nta bintu bibi nk'ibi nari bwabone mu buzima."

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Umwe mu batekera impunzi mu gikoni c'iyo kambi ni umupfasoni Modu, kugez'ubu atazi ivyashikiye umugabo wiwe na;bana biwe munani.

Bamwe mu bana biwe batwawe n'abarwanyi mu muji wa Bama, abandi bafatirwa mw'ishure.

"igihe cose ndabibutse ndarira"

Yahawe akazi ko guteka kubera imbabazi bamugiriye bamaze kumenya ko ata muryango asigaranye.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Mu basaza bo muri iyo kambi hari umukecuru Ammuna, avuga ko afise imyaka 100

Uyu mupfakazi yahoze atunzwe no kudandaza amata, aracababazwa n'amazu yiwe abiri yabuze kubera Boko Haram, mu gisagara ca Bama.

Impfunguruzo z'izo nzu, avuga ko yazatswe bamufatiyeko inkoho.

Ariko afise icizere kuko abasirikare basubiranye igice kinini c'ico gisagara, cahora mu maboko y'umurwi Boko Haram.

yizeye ko abajejwe umutekano bazomusubizayo.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe

N'ubwo hari agahinda muri Dalori, bamwe baracafise agatima, birashika bagakundana.

Modu Bulama, umugabo w'imyaka 35, yaje mw'ikambi inyuma y'aho umugore wiwe n'abana babiri biciwe na Boko Haram

Igihe yariko afasha gutanga infashanyo ku baba mw'ikambi, yahuye n'umugore nawe yabuze umugabo muri iyo ntambara.

Bamaze kuganira ivyo baciyemwo, yamusavye ko bokubakana.

Ariko kuba mw'ikambi ntivyaciye umuco, rero yategerezwa gukwa uwo mukenyezi wiwe mushasha amafaranga ibihumbi icumi vy'amahera ya Nigeria, yogereranywa na $50.