Syria:leta yemeye ko abashonje batabarwa

Abanyagihugu bugaraniwe n'intambara muri Madaya, bariko baricwa na kigoyi.

Muri iyi minsi iheze bari bamaze igihe batera akamo aberwa n'intambara kureka infashanyo zigashikira abazikeneye, muri ico gice kiri ku rubibe rwa Libani.

Ico gisagara kimaze amezi kiri mu minwe y'ingabo za leta n'abazishigikiye bo mu muhari Hezbollah.

Umwe mu baba Madaya yari yabwiye BBC ko abantu babiri bamaze kwicwa n'inzara uno munsi nyene.

Uwo munyagihugu yavuze ko abantu bamaze gutangura kurya ivu, kubera ivyatsi n'ibibabi vyose bimaze kwicwa n'imbeho.

Ishami ry'ishirahamwe ONU rijejwe gutanga infungurwa PAM, rizotangura kugemura infashanyo muri ako gace ka Madaya kuva ku munsi wa mbere.