Umuriro uriko utema utongora uburengero bwa Australia

australia fire Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuriro uriko uratema utongora mu burengero bwa Australia

Inzu zoba zishika 95 zahiye inyuma yahoo hadukiye umuriro mu gisagara kiri burengero bwa Australia.

Abantu batatu babuze irengero ryabo, na yo icagatatu c’igisagara ca Yaloop, mu bumanuko bwa Perth, cazimanganye, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Umuyaga ufise ubunyarutsi bwa 60km kw’isaha bwongereje uwo muriro ijoro ryose, bituma uwo muri wiswe Waoone, ugira uburebure bwa metero 50.

Uwo muriro ubandanya kugeramira ibisagara kandi imiyaga yitezwe uyu musi iza gutuma ibintu bitoroha.

Image caption Bane mu barwanya uwo muriro bakomeretse, imodoka imwe na yo irasha

Uwujejwe kurwanya impanuka z’umuriro mu burengero bwa Australia, Wayne Gregson yabwiye abamenyeshamakuru ko umuriro wo mu gisagara ca Yarloop wari mwinshi ku buryo ata wari kuwuhangara.

Yavuze ko bane mu bariko bararwanya uwo muriro bakomeretse, mu gihe imodoka imwe ikoreshwa muri ico gikorwa yahiye.

Uwo muriro ubu umaze guturia amahectare 50,000, kandi ukaba ugeramiye ibisagara harimwo Harvey na Preston Beach