Mexique: El Chapo Guzman yongeye gufatwa

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Itabwa muri yompi ry'uyu mugabo ngo ryashobotse bifashijwe n'uko yashaka gukora isinema ku mugore wiwe.

Umushikirizamanza mukuru Arely Gomez, avuga ko uyu mugabo karuhariwe mu rudandazwa rw'urumogi, yari yamaze kuvugana n'abakinyi ndetse n'abajejwe gufasha gutunganya za sinema.

Ibi ngo nivyo vyatumye igipolisi kimenya aho aherereye.

Yari amaze amezi atandatu yaratorotse umunyororo aho yari acunzwe bikomeye.

yabanje gucishwa imbere y'abanyamakuru ahava asubizwa mu mvuto.

Leta zunze ubumwe za Amerika zishobora kongera gusaba Joaquin El Chapo Guzman.

Guzman yabaye rurangiranwa kubera umurwi w'inkozi z'ikibi Sinaloa ukekwa ko ufise ubutunzi miliyaridi z'abma dollari, urangwa no gukoresha ububisha n'ubwicanyi bukomeye.