Kwibuka ibitero vya Charlie Hebdo n'ahandi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Uyu munsi bagiye kuri 'Place de la republiqu', ikibanza cakorewemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ibitero vyagabwe ku nyubakwa z'ikinyamakuru 'Charlie Hebdo' no kw' iduka ry'Abayahudi.

Abari mu bikorwa vyo kwibuka bafashe umunota w'agacerere, herekanwa n'ikimenyetso c'igiti cashinzwe nk'icibutso ku bahitanywe n'ivyo bitero vyo mu kwa mbere n'ibiherutse mu kwezi kwa cumi na rimwe mwaka uheze.

Ababuriye muri ivyo bitero bari bitavye urwo rubanz rwo kwibuka, kimwe n aperezida Francois Hollande.