Trump yirukanye umu islamu muri mitingi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Donald Trump arondera ikibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'aba Republicains, abarirwa gusaba izo mbabazi umu Isislamu Rose Hamid yirukanywe muri mitingi yiwe yo yabareye muri South Carolina ku munsi wa gatanu.

Rose Hamid yakuweho n'inzego zijejwe kurinda uruhagarara muri iyi mitingi yo ku munsi wa gatanu, nayo abari muri iryo koranira bamuha akaruru.

Mu iyo mitingi yabera mu muji wa Rock Hill, Rose Hamid yahagaze yambaye agapira kanditseko amajamba, "Salam, I come in peace", salam akaba ari ijambo ry'icarabu risigura "amahoro".

Abari hafi yiwe baciye batangura gusemerera bavuga ngo "trump, Trump!" , nk'uko bari bahawe amabwiriza yo gukora gutyo mu gihe cose babonye inkintu gishobora kubahungabanya.

Uwo mupfasoni w'imyaka 56 yaciye ategetkwa gukinjira n'abatiko bacungera umutekano, isinzi ry'abantu rimuzomera.

Ariko Trump ntiyaciye n'ikanda ivyabaye ku munsi wa gatanu, mu yindi mitingi yakoze ejo muri muri Iowa, ariko yashimangiye ahubwo icifuzo ciwe c'uko aba isilamu batokwemerwa kwinjira mu gihugu.

Ishiraahmwe CAIR rivuga ko bwana Trump akwiye gusaba imbabazi umupfasoni Hamid, no gutanga ubutumwa ku mugaragaro, bwo kumenyesha ko aba Isilamu bahawe ikaze nk'abandi banyagihugu bose, mu kugira uruhara rwabo mu bikorwa vya politike mu gihugu.