Burundi: Abantu batatu baraye bishwe

burundi killings
Image caption Abantu batatu harimwo n'umunyeshure wo muri kaminuza, ni bo baraye bishwe i Bujumbura

Abo bitavye Imana, babiri bava muri komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura Rural, harimwo n'umunyeshure umwe wo muri kaminuza, uwundi akaba yatowe ikiziga ku Mutakura, mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Uwurongoye komine Kanyosha iri mu ntara ya Bujumbura Rural, avuga ko bategerewe n 'abantu bitwaje ibirwanisho, babarasa bari mw 'ibarabara hafi y’ikirabo.

Uwundi munyagihugu yarakomeretse ubu akaba ariko avurirwa mu bitaro vyo ku Muyira

Ku Mutakura, muri komine Ntahangwa, hari ibirwanisho vyatowe vyimbiwe mu rugo rw'umuntu ruri kw 'ibarabara rya 5.

Image caption Hirya no hino, haguma havugwa ibirwanisho n'ibikoresho vya gisirikare bifatwa n'abajejwe umutekano

Bigizwe n’inkoho imwe yo mu bwoko bwa karaashinikov, isase ntezwantoke 2, ibikono vy’amasase 5, amasase 1290, iradiyo yo guhanahana amakuru y'abajejwe umutekano hamwe n'imyambaro y' igisirikare c'u Burundi n'uwo igisirikare c' igihugu c'Urwanda.

Onu ivuga ko abantu bamaze gusiga ubuzima mu mishamirano yadutse bivuye kukutumvikana kw’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, barenga amajana ane, abandi barenga ibihumbi amajana atatu bata izabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ibiganiro vyari bitegekanijwe ku wa 6 ukwezi kwa mbere ntivyabaye

Ibiganiro vyari bitegekanijwe ku wa 6 ukwezi kwa mbere ntivyabaye, abahuza bakavuga ko bishobora kuba mu misi iri imbere kandi ko imigwi yose itegerezwa guserukirwa.

Ishirahamwe ry’Ubumbwe bwa Buraya ryarasavye ko horungikwa inteko mva makungu zigera ku 5,000, mu ntumbero yo gukinga genocide, ariko iyo ngingo reta y’Uburundi yayamiriye kure.