CUF ntishaka ko amatora asubirwamwo muri Zanzibar

tanzania cuf
Image caption Umugambwe CUF uriyamiriza isubirwamwo ry'amatora mw'izinga rya Zanzibar

Umugambwe Chama cha Wananchi(CUF), uvuga ko utazemera ko amatora y’umukuru w’igihugu mw’izinga rya Zanzibar asubirwamwo.

Mw’itangazo uwo mugambwe washikirije abamenyeshamakuru, CUF yavuze ko ata tegeko na rimwe riri mw’ibwirizwa shingiro rijanye n’uko amatora yosubirwamwo.

Itangazo ry’uwo mugambwe ryashikirijwe n’uwitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu yo ku wa 25 ukwezi kwa cumi mu mwaka uheze, Maalim Seif, risaba kandi ko umukuru w’akanama kajejwe gutegura amatora muri iryo zinga, Jecha Salim, gutanga imihoho.

Uwo mugambwe wagirije umukuru w’igihugu w’iryo zinga, Mohamed Ali Shein wo mu mugambwe CCM, kuburizamwo ibiganiro vyo kurondera inyishu kugira ZEC batangaze isubirwamwo ry’amatora ku wa 28 ukwezi kwa kabiri 2016.

Umugambwe CCM biboneka ko ushigikiye iciyumviro co gusubiramwo amatora yo muri iryo zinga, mbere mu misi iheze, abategetsi b’uwo mugambwe bakaba barateye akamo abayoboke babo kwitegurira ayo matora.

Ivyo bikaba vyaranebaguwe cane n’abarongoye CUF.