Abashingwamanza indwi imbere y'ubutungane mu Burundi

burundi lawyers
Image caption Abaregwa gushaka gutembagaza ubutegetsi n'abababuranira, imbere ya sentare y'i Gitega

Parquet nkuru ikukira sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura yatumyeko abashingwamanza indwi kugira bumvirizwe, kucatumye basiba mu ntahe y’icese y’abo baburanira mu rubanza rw’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Batandatu mu barengukishijwe ni bo bitavye, bakaba bumvirijwe n’icariho c’umushikirizamanza mukuru.

Sentare ntahinyuzwa yaheruka gutaramura abo bashingwamanza mu rubanza rw’abashatse gutembaza ubutegetsi, babagiriza gushaka ku rudindiza.

Bataramuwe mu ntahe y’icese itariki 15 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, inyuma y’aho basibiye mu ntahe y’icese bavuga ko badashobora kwitaba kuko ngo ntibari bwaronke umwanya wo gusoma neza ivyo abo baburanira bagirizwa.

Image caption Antoine Nzobandora, umwe mu bunganira abo bashingwamanza

Antoine Nzobandora umwe mu bunganira abo bashirwamanza avuga ko babajijwe imvo yatumye batitaba mu ntahe y icese yo ku wa 15/12/2015.

Avuga ko basiguye neza ko batari gushobora kwitaba mu gihe batari bwaronswe dossier yabo baburanira.

Yagize ati" Twagerageje kwumvisha icariho c’umushikirizamanza imvo zatumye dusiba, kandi mu bisanzwe, si sentare yitwarira umushingwamanza. Iyo habaye amakosa uwo dufasha kuburana ni we yitwara kandi na ho nyene akitwara mu rwego rw 'abashingwamanza.”

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'abashatse gutembagaza ubutegetsi, Gen Godefroid Niyombare

Kuva abo bashingwamanza bataramuwe mu rubanza rw’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi, sentare yarabahaye abandi bashingwamanza, ariko abaregwa barabanka, ariko nticabuza ko urubanza rubandanya.

Bitegekanijwe ko urubanza rw’abashatse gutembagaza ubutegetsi rusomwa ku wa 14 ukwezi kwa mbere umwaka 2016.