Onu yasanze inzara itema igatongora i Madaya

syria aid Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urukurikirane rw'imodoka zitwaye imfashanyo i Madaya

Uwurongoye abagiye gutanga imfashanyo mu gisagara ca Madaya, mu gihugu ca Syria, Yacoub El Hillo, yavuze ko babonye abana bamerewe nabi cane kubera inzara.

El Hillo, yongeyeko ko, amasanamu yari yafashwe, zerekana ababa ngaho uko bamerewe nabi kubera kubura ibifungurwa, ri izo ukuri, ko ata ho bitaniye n’ivyo biboneye bahashitse.

Imfashanyo y’imiti n’ibifungurwa yarajanywe kandi mu bigwati bibiri biri mu buraruko bwa Syria, bishigikiye reta bimerewe na bi cane kubera ibitero vy’abitwaje ibirwanisho.

Na yo uwuserukira Onu muri Syria, Bashar Al Jaafari, bumvise avuga ko ingorane mu gisagara ca Madaya, zatewe n’abagwanyi bitwaje ibirwanisho.

Inkuru zerekeye uko abantu bameze mu gisagara ca Madaya zivana n’ububeshi no gufata minenerwe ibikorwa bibi bikorerwa mu tundi turere biterwa n’ibitero vy’abarwanyi.

Ukuri kuvyereke intambara, n’uko mu bibanza bimwe bimwe, abarwanyi bakoresha abanyagihugu mu kwikingira.

Uretse ivyo, hari abavuga ko abarwanyi babitse ibifungurwa vy’imiryango yabo, kandi bakaba bahora bagurisha izo ndya ku mahera menshi, nk’amadollar 400 ku kilo kimwe c’umuceri.

Reta ya Syria irahakana ibivugwa ko ikoresha iryo bura ry’ibifungurwa nk’imwe mu mayeri yo kugwana.