Abantu batatu bishwe, bane barakomereka, 12 barafatwa

burundi violence Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu mazone ya Mutakura na Cibitoke yazindutse yugarijwe n'igipolisi hamwe n'igisirikare

Babiri mu bishwe bahora mu nzego zijejwe umutekano, uwundi na we akaba yatowe ikiziga muri zone Jabe muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, nk'uko bivugwa n'igipolisi c'Uburundi.

Bamenyesha kandi ko abishwe baheruka gutoroka igisirikare n’igipolisi, Capt Bahenda Iddi Omar batazira Saidi na Brigadier Niyongabo Jean Claude, bari bamaze imisi baronderwa.

Bakaba bitavye Imana inyuma yo kurasanira mu ntara ya Muramvya, iri hagati mu Gihugu.

Mu gitondo, mu mazone ya Cibitoke na Mutakura ari muri komine Ntahangwa, ntawinjira canke ngo asohoke.

Gushika isaha zitatu zo mu gitondo, ibarabara rigabura Murakura na Cibitoke co kimwe n’iriva mu Ngagara rija mu Cibitoke (irya Kanyoni) yari ryugaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Police
Image caption Hari ibirwanisho bibandanya gufatwa

Mu gipolisi c’Uburundi, bavuga ko bari mu gikorwa co gusaka ibirwanisho, aho bafashe ibirwanisho n'ibindi bikoresho vya gisirikare harimwo n'inkoho imwe ya karashinikov.

Mw’ijoro ryakeye, hari igisase ntezwantoke catewe ku bunywero bwa Whats app, buri muri zone Bwiza, hakomereka abantu babiri.

Bubaye ubugira kabiri ubwo bunywero buterwa.

Image caption Kuva habaye ukutumvikana ku kiringo ca gatatu ca prezida, abarenga amajana ane baramaze kwicwa

Kuva habaye ukutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, Onu ivuga ko abantu barenga amajana ane bamaze kwicwa, abandi barenga ibihumbi amajana atatu bata izabo.

Intumwa z’itandukanye zibandanya kunyuragiranwa basaba ko ibiganiro vyobandanya, n’ubu Beate Klarsfled, yahoze ahigisha uruhindu abakoze ihonyabwoko mu gihugu c’Ubudagi amaze imisi mu Burundi.