Inteko mvamakungu nta co zofasha mu Burundi

burundi security council Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi

Ubutumwa bwo mw’ibanga bw’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi, kabona ko abasoda mvamakungu bo kugarukana amahoro borungikwa mu Burundi, bishoboka ko batoshobora akazi batumwe muri ico gihugu kimazemwo imisi ubwicanyi, mu gihe ubwicanyi bowrenga urugero.

Ubwo butumwa bwarungitswe n’umukuru w’inteko za ca Onu, Herve Ladsous, buhanura akanama ka Onu kajejwe umutekano, kurungika abagize ako kanama mu Burundi, kugira ibiganiro vyihuta, ku matati aharangwa, yavuye ku ngingo ya prezida Nkurunziza yo gusubira kwitoza ubugira gatatu.

Herve Ladsous, atanga inzira zitatu harimwo y'uko hashobora kwaduka ubwicanyi bufatiye ku moko, aho Onu itoshobora gukingira abanyagihugu.

Uburundi bumaze imisi mu ngorane zavuye ku kutumvikana ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Onu ivuga ko abantu barenga amajana ane bamaze kwicwa kuva mu kwezi kwa kane

Onu ivuga ko abantu barenga 400 bamaze kwicwa, abarenga ibihumbi amajana atatu na bo barahunga.

Uburundi bwariyamirije inteko mvamakungu 5,000, zari zasabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ko zoja muri ico gihugu, kivuga ko kuzoba ari ukugitera, kandi ko kizoca civuna.