Gupfuka imishatsi ntirikiri itegeko muri Gambia

yahya jammeh Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Yahya Jammeh yahagaritse itageko ryo gupfuka imishatsi ku bapfasoni bakora muri reta

Prezida wa Gambia, Yahya Jameh, yakuye itegeko risaba abapfasoni bakora muri reta gupfuka umushatsi igihe bari ku kazi.

Iryo tegeko ryari ryashizweho itariki 4 z’ukwezi kwa mbere, ryariyamirijwe bikomeye n’abatavuga rumwe na reta.

Ryakuweho kubera ryashavuje abapfasoni, nk’uko ibiro vyiwe vyabimenyesheje mu makuru, bavuga ko bobo(avapfasoni) ari” incuti ziwe zikomeye” Ibiro vya Jammeh, bivuga ko iryo tegeko ryari ryatanzwe “ata ho bihuriye n’idini” kandi ko abapfasoni batari bakwiye ko ribashavuza.

“Abapfasoni ni abagenzi cane(ba prezida Jammeh), ni bashiki we, kandi ari ngaha ku neza no kubanezera buri gihe,” uko n’iko izo nkuru zibandanya zivuga. “Kubera ivyo, iryo tegeko ribabuza kuryoherwa, rirakuweho.”

Mu kwezi guheze, uwo mutegetsi yaratangaje ko igihugu ciwe kibaye reta ya ki Islam, ariko yemerera abantu bo muyandi madini ko bazobandanya basenga mu madini barimwo, kati ko batazohatirwa kwambara no gukurikiza ivyo islam isaba.