Uwundi muntu yahitanywe na Ebola muri Sierra Leone

sierra leone Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwundi muntu umwe yahitanye na Ebola muri Sierra Leone

Abakozi muvyo amagara y’abantu muri Sierra Leone, bemeje ko umuntu umwe yahitanywe n’ingwara ya Ebola, inyuma y’umwanya muto ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu, OMS, ritangaje ko iyo ngwara yaranduranywe n’imizi muri Afrika yo mu burengero.

Ico gihugu caravuzwe ko kitakirangwamwo iyo ngwara itariki 7 z’ukwezi kwa 11 mu mwaka uheze, kandi ko n’ako karere kose katakigiramwo iyo ngwara, Liberia nay o ikaba yashizwe ku rutonde rw’ibihugu bitakigira iyo ngwara ku musi wa kane.

Ariko inyuma y’aho abaganga bapimiye umuntu yitavye Imana mu buraruko bwa Sierra Leone, vyaragaragaye ko yazize ingwara ya Ebola, nk’uko umuvugizi kw’ikigo kimwe kijejwe gupima iyo ngwara yabibwiye BBC.

Urwo rupfu rwabaye mu ntango y’iyi ndwi.

Uwo muvugizi, Sidi Yahya Tunis, yabwiye BBC ko uwo mugwayi yaguye mu karere ka Tonkolili.

Yari yagiyeyo avuye I Kambia, iruhande y’urubibe bahana na Guinee.

Ikiziga ciwe capimwe n’abahinga bavuye mu gihugu c’Ubwongereza.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari mu gisagara ca Freetown, Umaru Fofana, avuga ko abaganga bariko bararondera abantu bose boba barahuye n’uwo yitavye Imana.

Abantu bashika 4,000 barapfuye bazize Ebola mu gihugu ca Sierra Leone kuva mu kwezi kwa 12 mu 2013.

Muri rusangi, abantu bashika 11,000 ni bo bitavye Imana bazize iyo ngwara mu burengero bwa Afrika.