Ikambi ya Amisom yatewe na Al-Shabab

somalia al shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abarwanyi ba Al-Shabab bateye ikambi y'abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (UA)

Abarwanyi ba al-Shabab, bateye ikambi imwe y’abasirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Somalia.

Iyo kambi ya Eel-Ade, iri ku birometero 60 uvuye mu gisagara ca Garbaharey, mu ntara ya Gedo, ikaba irimwo abasirikare ba Kenya.

Abo basirikare bari mu nteko z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu(Amisom).

Umuvugizi w’igisirikare ca Kenya, Col David Obonyo, yavuze ko abo barwanyi bateye iyo kambi barusha inguvu abasirikare ba Somalia bari muri iyo kambi.

“Abasirikare ba Kenya ba Amisom baje gufasha abasirikare ba Somalia, ubu intambara ziracabandanya. Igitigiri c’abapfuye n’abakomeretse ntikiramenyekana gushika ubu.”

Ababa I Eel-Ade babwiye umumenyeshamakuru wa BBC mu gisagara ca Mogadishu, ko bumvise urwamo rw’amasase, n’inkoho zikomakomeye mu gitondo ca kare uyu musi.

“Twumvise ibintu biturika cane nk’isaha 5.30 zo mu gitondo, bikurikirwa n’induru y’amasase. Hanyuma duca tubona abarwanyi ba al-Shabab mu gisagara. Twabonye kandi abasirikare ba Kenya bariko barahunga bava mw’ikambi. Muri kano kanya, ikambi iri mu minwe y’abarwanyi ba Al-Shabab. Turabona imiduga ya gisirikare iriko irasha hamwe n’ibiziga vy’abasirikare biri hose muri ico kibanza. Nta munyagihugu yahaguye ariko abantu nka bose bahunze igisagara.”

Abo barwanyi bateye iyo kambi babanje kumena umuryango bakoresheje imodoka yari itezwemwo igisase, imbere y’uko abo barwanyi bayinjiramwo.

Al-Shabab bavuga ko bashoboye kwigarurira iyo kambi.

Bemeza kandi ko bishe abasirikare benshi, inkuru n’ubu zitaremezwa.

Guhanahana amakuru muri ako karere vyahagaze.