Muri Uganda abitoza mu buprezida baraharira ku migambi

Abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri Uganda, uyu musi baraza guharira ku ku migambi yabo ubwa mbere kuri television muri ico gihugu.

Image caption Ntibiramenyekana nimba prezida Museveni aza kwitaba muri ico kiganiro

Ivyo biza kubera mw’ihoteli ya Serena mu gisagara ca Kampala, kuva isaha imwe y’ijoro, ku masaha yo muri Afrika y’ubuseruko.

Ariko haracari amakenga y’uko abaharanira ico kibanza bose ko ari umunani baza kuba ari ho bari.

Prezida Museveni, amaze imyaka 30 ari we atwara ico gihugu, yari yavuze ko atazitaba muri ico kiganiro, bikaba vyatumye uwundi bahanganye na we, Kizza Besigye avuga ko na we ashobora kutavyitaba.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kizza Besigye umwe mu bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu yari yavuze ko hari igihe na we atobizamwo

Ariko ku wa kane, Dr Besigye wo mu mugambwe wa Front For Democratic Change, yavuzeko azokwitaba, agasigura ko yabonanye n’umunyamategeko James Ogoola, yamubwiye ko Museveni ashobora kuba yaje.

Umuvugizi war eta, Ofwono Opondo, yari yavuze ko prezida atazovyitaba.

Yavuze ko prezida yabonye ko vyoba vyiza akoresheje uwo mwanya mu kugendera abanyagihugu abasaba kuzomuha amajwi.

Abandi bashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku wa 18 ukwezi kwa kabiri ni uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Amama Mbabazi, Prof Venansius Baryamureeba, umupfasoni Maureen Kyalya, Dr Abed Bwanika, Joseph Mabirizi na Gen Benon Biraaro.