ONU ivuga ko abasirikare b'u Burundi bahohoteye abagore

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption ONU irega igisirikare c'u Burundi gukora ivyaha nyuma y'igitero ku nkambi mu kwezi guheze

Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ko rifise ibimenyetso bishinja abajejwe umutekano mu Burundi gusambanya abagore ku nguvu no kwica bidaciye mu mategeko.

ONU ivuga ko ivyo vyakorewe abashigikiye abatavuga rumwe na leta mu kwezi guheze.

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu bivuga ko ayo mahano, ngo yakozwe nyuma y'igitero c'abarwanyi ku nkambi za gisirikare, yerekanye ibimenyetso vy'uko ikibazo kirimwo n'amoko.

Bamwe mu babibonye bavuga ko abagore bo mu bwoko bw'Abatutsi ari bo bonyene bafashwe ku nguvu, abagabo b'Abatutsi barapfungwa mu gihe Abahutu bobo barekuwe.

Benshi mu bafashwe ntawuzi irengero ryabo, ONU kandi ngo ikaba iriko iratohoza amakuru yerekeye ibinogo vyatawemwo abantu ikivunga.