Irani igiye kurekura imbohe zo muri Amerika

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Irani iri mu kurekura imfungwa z'abanye Amerika mu gihe iri mu gukurirwako ibihano

Igihugu ca Irani catangaje ko kigiye kurekura imbohe zine zifise ubwenegihugu bwa Amerika na Irani.

Ntibaravugwa abo aribo, ariko vyibazwa ko harimwo umunyamakuru wa Washington Post i Teheran, Jason Rezaian.

Yagirijwe gusuma urusaku muri Irani mu mwaka uheze.

Umushinjacaha wa republika muri Irani yavuze ko irekurwa ryabo riri mu mugambi wo guhanahana impfungwa, ngo kandi ni mu nyungu z'igihugu.

Ibi vyatangajwe mu gihe hitezwe ko ibihano vyafatiwe Irani bikurwako.